amateka - american friends service committee...• umubano • ubuntu 2016 intumbero ya afsc mu...

2
No 11, Av. d’octobre, Rohero I, B.P: 6653 Bujumbura, Burundi Tel: (+257) 22 25 85 76 / (+257) 22 25 97 05 Fax: (+257) 22 25 97 04 Email: [email protected] afsc.org Ishirahamwe American Friends Service Committee n’igikorwa caryo mu Burundi Ishirahamwe American Friends Service Committee (AFSC) rihurikiyemwo abantu bafise ukwemera gutandukanye biyemeje guharanira ubutungane mu mibano, amahoro n’ugufasha abandi. Igikorwa caryo gishimikiye ku kwemera Quaker kwemeza ko umuntu wese afise agaciro kandi ko urukundo rufise ububasha bwo kurengera ingimba n’akarenganyo. AMATEKA Nk’ishirahamwe Quaker, AFSC riterwa intege kandi rikongera rikarangura igikorwa caryo ryishimikije aya amateka yaryo: • Amahoro Ukunganisha abantu (Equality) Ukwicisha bugufi Umubano Ubuntu 2016 INTUMBERO YA AFSC MU BURUNDI Abarundi bose bararemye, basubije hamwe, barashoboye kwikenura mu vya nkenerwa, agateka kabo karubahirijwe kandi baratanga intererano bimwe biboneka mu guharanira amahoro n’iterambere rusangi birama.

Upload: others

Post on 28-Jan-2021

2 views

Category:

Documents


0 download

TRANSCRIPT

  • No 11, Av. d’octobre, Rohero I, B.P: 6653Bujumbura, Burundi

    Tel: (+257) 22 25 85 76 / (+257) 22 25 97 05Fax: (+257) 22 25 97 04Email: [email protected]

    afsc.org

    Ishirahamwe American Friends Service Committeen’igikorwa caryo mu Burundi

    Ishirahamwe American Friends Service Committee (AFSC) rihurikiyemwo abantu bafise ukwemera gutandukanye biyemeje guharanira ubutungane mu mibano, amahoro n’ugufasha abandi. Igikorwa caryo gishimikiye ku kwemera Quaker kwemeza ko umuntu wese afise agaciro kandi ko urukundo rufise ububasha bwo kurengera ingimba n’akarenganyo.

    A MATEK A

    Nk’ishirahamwe Quaker, AFSC riterwa intege kandi rikongera rikarangura igikorwa caryo ryishimikije aya amateka yaryo:

    • Amahoro

    • Ukunganisha abantu (Equality)

    • Ukwicisha bugufi

    • Umubano

    • Ubuntu

    2016

    INTUMBERO YA AFSC MU BURUNDI

    Abarundi bose bararemye, basubije hamwe, barashoboye kwikenura mu vya nkenerwa, agateka kabo karubahirijwe kandi baratanga intererano bimwe biboneka mu guharanira amahoro n’iterambere rusangi birama.

  • Partially/Fully unfolded L(front panel reverse)

    Imigambi nyamukuru ishirahamwe AFSC rishira imbere mu Burundi

    Gushika mu 2018, igikorwa ca AFSC mu Burundi kizohagarara ku bintu bitatu: Gukorana n’abantu basinzikajwe n’intambara cane cane abakenyezi, urwaruka, abahoze ku rugamba, abahungutse n’abateshejwe izabo—AFSC rirashiraho ibifasha ngo haboneke amahoro n’iterambere mu vy’ubutunzi.birama.

    Gukomeza kwitaba no kwitanga kw’ibisata vya Leta n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu gutunganya im-igambi ijanye n’amatora hamwe n’iyo gusubi-za hamwe mu ntumbero yo gukinga amatati.Mu Burundi, ishirahamwe AFSC rirafata mu mugongo cane imigambi ijanye n’amatora n’iyo gusubiza hamwe no kurekuriranira kandi rizobandanya rifasha gukinga in-dyane zose zikomoka ku matora n’ibindi bituma haduka amatati mu gihugu. Igikoresho nyamukuru kiranga ico gikorwa kikaba ari Umugambi wo kuganira no guhana-hana ivyiyumviro owo nawo ukaba uha akaryo abahinga bo mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika ko kuja hamwe bakayaga ku vyo babayemwo, ingendo nziza zo-kwisungwa n’ivyiyumviro vyobashoboza kurwanya imvo nyamukuru zituma haba uruhagarara mu bihugu batu-rukamwo. Muri ico gikorwa, AFSC riratumira ibisata vyegukira amaleta, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’amadini, mu ntumbero yo gushiramwo abo vyega bose kuva ku rwego rwo hasi.

    Guteza imbere amikoro y’abantu, umubano mwiza no kuvura ihahamuka.Rifadikanije n’abo basanzwe bakorana mu gihugu, ishira-hamwe AFSC rifata mu mugongo imigambi ishimikiye ku-gukura abanyagihugu mubukene, rigatsimbataza umubano mwiza, rigasubiza agateka abantu biciye mu kuvura abaha-hamutse. Kubera imfashanyo ya AFSC, amashirahamwe matomato yo mu mibano arashinga kandi agatunganya imigambi mitomito yo kwiteza imbere kugira abanywanyi bayo bashikire ubwigenge mu vy’ubutunzi. AFSC rirafasha kandi amashirahamwe matomato yo mu mibano kugiriranira ubucuti n’amashirahamwe atanga ingurane kugira ngo batsimbataze ibikorwa bijanye no kwikenura.

    Gukomeza iterambere ry’ urwaruka biciye mu kurukarihiriza ubwenge no gushigikira ibikorwa vyarwo vyo kwibeshaho. AFSC rikora ngo riteze imbere ubuzima bw’urwaruka ruva mu mirwi itandukanye, mu kurufasha kuba abany-wanyi babushitse b’amashirahamwe yarwo. Rumaze kwitaho ibirwega mu mashirahamwe yarwo, urwaruka ruriteza imbere biciye mu migambi mitomito, mu bikorwa vyo gukomeza umubano mwiza, mu kuvura abahahamutse bitewe n’ibikomere bagize muri kahise. Nkuko kahise ka AFSC kavyerekana, inyigisho zishingiye ku bushobozi bw’urwaruka zituma rush-obora kwironkera akazi rwo nyene, mbere rukakaronsa n’urundi rwaruka ruri mu mibano.

    A MAHANGIRO SHIMIK IRO Y’IGIKORWA CA AFSC

    AFSC rishimikira ku gufasha abarundi baharanira amahoro. Ng’uku uko ribigenza :

    • Guhuza abantu bo ku rwego rwo hasi hamwe n’abafata ingingo ku rwego rw’igihugu no ku rwego mpuzamakungu mu ntumbero yo guteza imbere utwigoro two kubavugira ku rwego rw’igihugu.

    • Gufasha no gukarihiriza ubwenge amashira-hamwe ategamiye Leta n’ay’amashengero ngo ashobore gushira mu ngiro ivyo yiyemeje mu gihugu no mu makungu bijanye no guhara-nira no gutsimbataza amahoro n’iterambere mu Burundi.

    • Gushigikira amashirahamwe yo mu gihugu ashira imbere ugusubiza hamwe nyakwo mu mibano, kuvura ihahamuka, no gufasha abantu gusubira kuronka ibibabeshaho.

    • Gutunganya ibiganiro mu gihugu no mu karere bituma abantu bavugana ibibazo bishingiye ku gutsimbataza amahoro, gukinga amatati, hamwe n’ iterambere.

    B U R U N D I

    Cibitoke

    Rutana

    Makamba

    Bujumbura

    Bujumbura Mairie

    Bubanza

    Izi ntara ziboneka cane nizo AFSC ikoreramwo.