uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’imana...afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi...

48
UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA Igikoresho c’abitavye inyigisho

Upload: others

Post on 06-Sep-2020

34 views

Category:

Documents


0 download

TRANSCRIPT

Page 1: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA

Igikoresho c’abitavye inyigisho

Page 2: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako ni igikoresho ku mubiri wa Kristo kugira abakene bafashwe kandi bakurwe musi y’ingongo y’ubukene.

Ugushima Guhindura ururimi: Mbonihankuye Louise Gukosora: Uwimana Astère

Kurwiza ibitabo Copyright © 2010 G.W.Dryden. Gusobanura: L.Mbonihankuye.Bujumbura 2015. Iki gitabo kirashobora kuboneka kuri www.farming-gods-way.org

Kurwiza ibi bitabo mu ntumbero yo kwigisha atari ukudandaza biremewe hatarinze kuboneka uruhusha rwanditse rwa nyene kugikora. Bisaba gusa ko vyose vyandikwa uko biri atagisimbwe. Ukurwiza iki gitabo mu ntumbero yo kugurisha birakenewe ko hatangwa uruhusha na nyene gukora iki gitabo yitwa G.W. Dryden biciye kuri –[email protected] Ivyavuzwe, insiguro vyahawe hamwe n’indunduro biri muri iki gitabo vyakozwe n’uwu mwanditsi nyene.

Ahasangwa ibi vyanditswe Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana. Dryden, G.W.,2009. Gusigurwa Louise,M., 2016 Imirongo yo muri Bibiliya: Hakoreshejwe Bibiliya y’ikirundi

Abafashije The field Guide yafashijwe na the Bountiful Grains Trust, 109 Fordyce Rd, Walmer, Port Elizabeth, South Africa Ishirwa mu Kirundi rya kino gitabo ryashigikiwe na Think East Africa. GALERIE LA PERLE NUM 10 Bujumbura, Burundi Uburyo biboneka Kugira uronke DVD canke ibitabo vyanditswe kubijanye n’Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana: Email: [email protected]

Page 3: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana

Umwihwezo ............................................................................................. 1

Imfunguruzo zo muri Bibiliya ................................................................... 4

Urupfunguruzo rwa 1: Kumenya Imana kandi Imana yonyene ........ 4

Urupfunguruzo rwa 2: Gusuzuma inzira zawe .................................. 7

Urupfunguruzo rwa 3: Gutahura ko Imana ikwiye muri vyose ......... 8

Urupfunguruzo rwa 4: Uzokwimbura ivyo wabivye ....................... 11

Urupfunguruzo rwa 5: Gutanga ibigiracumi n’amashikanwa ku Mana ............................................................................................... 13

Urupfunguruzo rwa 6 : Gushiraho ubudasa aho ubaye .................. 14

Urukurikirane intambuko kuyindi .......................................................... 16

Impamvu 20 zo kubikora uko ................................................................ 24

Gutunganya ibintu ................................................................................. 30

Urupfunguruzo rwa 1 : Ku mwanya ................................................ 30

Urupfunguruzo rwa 2 : Gukorera ku rugezo rwo hejuru ................ 31

Urupfunguruzo rwa 3 : Kugabanya gusesagura .............................. 32

Gusozera ......................................................................................... 33

Umwavu ................................................................................................. 34

Guha isi akanovera bicishijwe mu gukuranya ibirimwa ........................ 39

Guhanahan Guanwa .............................................................................. 42

Iyo vyakuwe ........................................................................................... 45

Page 4: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

1

Umwihwezo Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza, hariho amasoko y’amazi, ibikoko vyinshi vyoshobora guterera cane ku bijanye no kuronka ingenzi.

Ikibabaje, n’uko hejuru y’ubwo butunzi, Afrika ni nawo mugabane usinzikajwe n’ubukene, aho abantu bapfa ningoga bishwe n’inzara, haraboneka abantu benshi barwaye indwara zo gufungura nabi, abana bapfa ku bwinshi ku buryo biteye agahinda, ingwano, kutiga, guhonya amashamba, ibiturire hamwe no gutakaza agaciro k’amafaranga. Ibice nka 85% vy’abantu bo muri Afrika babayeho ubuzima bwo kurimisha isuka. Umwimbu baronka uri kure yo gutunga imiryango ku buryo hinjira amamiliyoni y’amatoni y’intete ku mwaka.

Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana ni inyishu y’Imana kugira abantu babeho badafise ikibazo c’ibifungurwa ndetse no muri abo barimyi bahere ubukene. Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana si inyishu isanzwe ku burimyi gusa ahubwo ni inyishu ikwiye ku bijanye no gukora imigambi bigafasha umukene kuva mu bukene akoresheje ico Imana yamushize mu biganza mu kugaragaza ubuzima buhagijwe nk’uko Imana yabisezeranye.

Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana Gufasha abakene kugira babe mu musesekara muri

Kristo

Page 5: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

2

Uguhinduka mu mutima bitanzwe na Yesu bishikana umuntu ku guhinduka mu vyiyumviro vy’ingene atunganya ibintu agaca ashira mu ngiro ugucungurwa kw’uburimyi nabwo.

Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana n’uburyo bwakoreshejwe bunatako burerekana ko bufise ivyiza vyinshi kuva mu myaka ya 1984, umwaka aho Brian Oldreive yabaye uwa mbere mu gukoresha ubu buryo mu gisagara ca Hinton muri Zimbabwe aho yarimye ahantu hanini amahegitare 3 500 mu ntumbero yo kugurisha ivyimburwa.

Bibiliya

Gutunganya

Ubuhinga

Page 6: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

3

Kuva ico gihe, Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana bwaciye bukwiragizwa mu bihugu vyinshi vy’umugabane wa Afrika, bwakwiragijwe n’amashengero, abamisiyonari, n’amashirahamwe. Muri 2009, Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana bwarigishijwe muri Angola, Benin, RDC, Ethiopie, Kenya, Lesotho, Madagascar, Malawi, Mozambique, Namibie, Nigeria, Rwanda, Sierra Leone, Afrika y’epfo, Swaziland, Tanzanie, Ouganda, Zambie, Zimbabwe hamwe no mu bindi bihugu vyo muri Afrika ndetse nomuri Mexique, Nepal, Guyane britannique, Leta zunze ubumwe za Amerika, Ubwongereza n’ahandi.

Uburimyi bwisunze ingingo ngenerwako z’Imana n’ingabire yo ku buntu yahawe umubiri wa Kristo hamwe n’abantu bitwararika abakene. Ubunyankamugayo, kwiga hamwe n’integuro dusanga mu burimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana bitangwa n’abantu bakora badahembwa ariko bigishijwe mu buryo mudasanzwe ndetse banamenyereye kubikora.

Bakorana umwete kugira ibi bikorwa bidasanzwe bikwiragizwe hose. Ijambo ry’Imana rivuga ngo: “Abantu banje baranduwe no kutagira ubwenge“ (Hoseya 4 :6). Dutegerezwa kumenya uruhara ntangere rwo kwigisha abakene ubwizigirwa mu bijanye n’uburimyi kugira ivyanyegejwe muri uwu mugabane vyose bishirwe ahabona.

Page 7: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

4

Imfunguruzo zo muri Bibiliya

Ijambo ry’Imana n’ububasha buhambaye butumenyesha ukuri kudushoboza kubaho. Guhindukirirra Ijambo bidushikana ku guhishurirwa no gutahura ko ingogo ya mbere ari ingogo yo mu buryo bw’impwemu. Tutubahirije gukoresha imfunguruzo zijanye n’ubuhinga hamwe n’ugutunganya neza ibintu, tuzokwisanga tudashobora gutabara abakene.

• Hoseya4:1-3 • Zaburi107:33,34 • Yeremiya23:10b

Muri iki gice, imfunguruzo 6 ziraduhishurira ibinyegejwe vy’impamvu Afrika iboshe n’ingogo y’ubukene hamwe rero n’inyishu z’Imana kugira iyo ngogo isenyuke.

Urupfunguruzo rwa 1: Kumenya Imana kandi Imana yonyene

Ingorane: Abanyafrika bafise ibihome bikomeye vy’ubupfumu no gusenga imizimu. Abapfumu bari mu bigwati vyose kandi barasabwa impanuro mu bihe bikomeye vy’ubuzima bw’abantu: mu gihe co kuvuka, mu gihe c’ingwara, mu gihe co gukebwa kw’imibiri, mu buyabaga, mu bugeni, mu gufuba uwapfuye.

Nta majambere namwe azokuraho umuvuye w’ubukene ku mugabane. Hakenewe gushira mu ngiro

Ijambo hamwe n’ibikorwa vyiza.

Page 8: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

5

Aba bapfumu baranahamagarwa gusengera imirima kugira habe umwimbu mwinshi. Baca bahakorera imigenzo, bagatanga ibimazi nk ‘inkoko, amaraso y’ibikoko, bakahasanzaza amagufa, imitwe y’ibikoko ahari inkingi. Iyo migenzo yo gusenga imizimu yagaragazwa no gutanga ibimazi hamwe no nuvuga amajambo bijanye ku mugaragaro. Ukwo gusenga ntikwasunikwa n’urukundo ahubwo bwari ubwoba.

• Yesaya 8:19-22 • Abalewi19:31 • Gusubira mu vyagezwe18:10 • Gusubira mu vyagezwe5:7,8 • Matayo 6:24 • Zaburi 24:3

Inyishu: Hari Imana imwe kandi tuyishikanwako na Yesu Kristo, yemeye gupfa ku musalaba kugira turonke ku buntu ubugingo budashira. Ntitukiganzwa n’isi hamwe n’imigenzo yisi ariko twarashizwe muri uwo muryango aho twagiriwe ibakwe ryo kwita Imana, Data. Dutegerezwa kugaruka ku Mana kandi Imana yonyene tukayitazira mubigize ubuzima bwacu vyose, atari ku wamungu gusa mugitondo mu misa. Imana nticokorwa.

Imigani 3:5,6 "Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubwenge bw’iwawe : Umumenye mu ngendo zawe zose, nawe azogorora inzira zawe"

Uwo murongo uraduha neza urutonde ngenderwako kugira dushike kure. Wizigize Uhoraho umutima wawe wose: Umuntu arondera uwo afitiye icizere uko ari kose.

Page 9: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

6

Kandi ntiwishimikize ubwenge bw’iwawe: Yesu yakoze ivyo ashoboye vyose atiganzuye ahubwo ari mukunywana kwose na Se. Se yaramwereka ico akwiye gukora Yesu nawe yagikora akabona intsinzi.

• Yohana 8:28 • Yohana 8:38 • Yohana 5:19

Mbega ubuzima bw’ubwiza twobamwo mu gihe twobaho dukora ivyo agomba kuri twabe! Umumenye mu ngendo zawe zose: Ingendo zacu zose bisigura mu bitugize vyose, akazi, amajambo yacu, ivyo dukora, ivyo twiyumvira. Ivyo bisigura ko turondera kumenya ubugombe bwiwe mw’ivuka, mu gushika mu myaka y’abakuze, mu kwubaka izacu, mu guhuba abacu, mu gukira, mu gutegura ibibanza vyo guteragiramwo imbuto, mu mvura, mu kwimbura Nawe azogorora inzira zawe: Muri Afrika, turakeneye mu buryo budasanzwe Umwami ngo adusubize mu nzira twatakaje mu gihe twazigendeyemwo ibihe birebire. Gusubizwa ku murongo n’Imana bitwinjiza mu kuba mu buzima bwuzuye tukaronka ivyo twemererwa n’Imana.

• Gusubira mu vyagezwe 8:18 • Gusubira mu vyagezwe 7:13-15

Nimba twizera vy’ukuri ko ari igihe ca Afrika, dutegerezwa kwemera gukubita hasi ibisika vyashizweho no gusenga ibigirwamana hamwe n’ivy’ubupfumu vyagize abantu imbohe. Hanyuma dukwiye guca tuduga umusozi w ‘Umwami dufise ibiganza vyiza n’imitima itekanye kugira dutazire Imana yonyene mu kuri no mu mpwemu.

Page 10: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

7

Urupfunguruzo rwa 2: Gusuzuma inzira zawe Ingorane: Imsemgero z’ubuzima bwacu zarahenutse kuko twahisemwo gukorera ivyipfuzo vyacu ubwacu dukurikira inzira zitari zo twanka kugenda nkuko Imana idusaba. Niyaba twebwe, nk’abana b’Imana, turi insengero z’Imana nkuko Imana ibivuga, aho rero turakeneye kwitwararika uko urwo rusengero rumeze. Dutegerezwa gusuzuma inzira zacu! Hagayi 1:2-11Mwiyumvire kubibashikira– Urusengero rwanje rwarasambutse. Ubu ni bumwe mu burorero bw’imivumo idushikako kubera twataye inzira z’Imana: a) Umuvumo w’itemba vy’amaraso n’ubugizi bwa nabi

• Inkuru ya Kayini na Abeli • Uburorero bwinshi muri Afrika • Yesaya 59:3

b) Umuvumo w’ubuzima bugufi Imyaka igereranwa yo kubaho muri Zambiya, Zimbamwe, Malawi no muri Mozambike ni nka 37

• Zaburi 34 :12 • 1 Ab’I Tesalonike 4:3 • Abaroma 6:23

c) Umuvumo mu vyimburwa (Ivyimburwa bike) Ni ngirakamaro gusoma mu gitabo ca Hagayi kugira hatahurwe ko Imana ariyo nyene imura n’umwimbu utangwa n’isi. Inyishu: Gusanura urusengero Mu twigoro twacu kugira dutore inyishu z’Imana ku bibazo bigoye nk’ubukene tubona hirya no hino yacu, dukwiye gutangura gusuzuma inzira zacu kuko turi ingoro y’Imana nzima. Birashobora

Page 11: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

8

gushika ntiduce dushobora guhindura ihanga ryose ariko umwe wese arashobora gusuzuma inzira ziwe bikamushikana kuguhindura ubuzima bw’imiryango n’ikibano kimwegereye, ivyo vyose bifatanye biraheza bikazana impinduka ku rwego runini.

• 1 Petero 2:5 • Hagayi 2:18-19 • 1 Ab’I Tesalonika 2:12 • Ab’I Korinto 6:16

Nk’abahungu n’abakobwa b’Imana, twiyemeze gusanura urusengero rw’Imana mu buzima bwacu, mu gusuzuma inzira zacu no mu kuja ku murongo Imana idushakako, atari mu mpwemu gusa ariko no mu bwenge ndetse no mu mubiri wacu.

Urupfunguruzo rwa 3 : Gutahura ko Imana ikwiye muri vyose

Ingorane: Umugera wo kuzera inze warinjiye haraciye imyaka itari mike aho abantu baguma biteze abagira neza kandi ibitigiri biguma birwira ku mwaka ku mwaka. Nta buryo na bumwe bwo kubona ivyo Afrika ishoboye atari abanyafrika nyene bavyikoreye. Yesaya 58 hatwibutsa ko dukwiye kwisonzesha nyakuri kugira dukureho ingogo yatwizingiriyeko. Kimwe mw’ipfundo ry’ingogo harimwo kuzera inze. Kuva umuntu aremwe yamye agerageza kwikwira ubwiwe, agakora ibintu uko avyumva, akishimikiza ubwenge bwiwe aho kwishimikiza ubw’Umwami. Ivyo vyamushikanye mu kunanirwa kw’uburyo butandukanye.

Page 12: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

9

Inyishu: Kumenya ko Imana ikwiye muri vyose Muburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana, ntidutera intege abantu ngo bibeko ariko duharura kuguhazwa n’Imana bidushikana kuronka inyishu. Niyo soko ya vyose kandi niwe dukuramwo ugutera imbere kwose. Uguhaza kw’Imana ntikugira iherezo, ntikehanirwa, no muri yo ntakiyizibira.

• 2 Ab’i Korinto 9:8

Intambwe ikomeye tuyitera kuva twihanye guhanga amaso abantu ndetse no kuyihanga ubwacu, mu gihe dushize hasi ubwibone tukemera guca bugufi tugatahura ko ariyo soko rya vyose dukeneye. Dutegerezwa kwugurura amaso tukabona ivyo twashizwe imbere. Kumenya ko guhazwa n’Imana bisambura umugera wo kuzera inze

• 2 Ingoma 14:11 Uguhaza kwose kw’Imana muri twebwe

• Gusubira muvyagezwe 8:18 Uguhaza kw’Imana mu burimyi

• Itanguriro 2:15 Uguhaza kw’Imana mw’isi Isi twayihawe n’Imana kugira tuyitunganye, tuyirime twongere tuyitwararike. Iyi si si iyacu ahubwo n’iy’Imana.

• 1 Ab’I Korinto 10:26 • Abalewi25:23

Page 13: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

10

Uguhaza kw’Imana mu mbuto Igihe Imana yarema ibiterwa, yabiremanye ubushobozi bwo kurwira kimwe cose nkuko kiri. Imbuto zivanze (zitarondoka) zitandukanye n’imbuto zemeranijweko (zirondoka)

• Itanguriro 1:11-13 Uguhaza kw’Imana mu "gukinga kw’Imana" "Ugukinga kw’Imana" ni ivyatsi basasiza isi; n’igikoresho gitangaje kidufasha cane nkuko tuja kubibona mw’ido n’ido mugice "Impamvu 20 zo kubikora uko" Uguhaza kw’Imana mw’ifumbire (Amase, isi y’umugina, intambire ikozwe) Kugira umwimbu ube mwiza, hakwiye kuba kwiyemeza kwiyegereza intabire hafi yacu. Uguhaza kw’Imana mu bikoresho Kuvayo 4:2 Uhoraho abaza Mose: "Ati ico ufise mu kuboko n’iki?" Aramwishura ati: "N’inkoni" N’igiki dufise mu kuboko, ico twokoresha mu gusambura ubukene n’ibiza bifatiye ku nzara mu mugabane wacu? Inyishu ni "Isuka". Uguhaza kw’Imana mu mvura Mu gutanga imvura, Imana iba ihezagiye abana bayo imbuto zikagira ubuzima bikarwiza ivyimburwa.

Page 14: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

11

Urupfunguruzo rwa 4: Uzokwimbura ivyo wabivye

Ingorane: Ibice vyinshi vy’abantu biri mu bibanza ata terambere riharangwa. Ababa aho hantu baramugajwe no kuronka imfungurwa ku buntu bigatuma badatera imbere. Baja mu kibanza co kwumva ko batekanye kubera uwubagabira ivyo gufungura azobibaha nibabikenera. Tubandanije kwemerera abantu kuzera inze, tuzoba duteye integer abakene mukuronka ivyo bakeneye ahatariho, ku bantu atari ku Mana.

• 2 Ab’i Tesalonike 3:10 “…Umuntu wese ni yanka gukora ntakarye”

Akazi s’umuvumo ahubwo n’umugisha. Benshi muri abo bantu babakene bafise amatongo hagati mu gihugu atigera arimwa. Afrika izwi nk’ikibanza kizigirijwe n’inzara kw’isi ariko Imana ishobora guhindura ico kibanza kikaba ububiko bw’imikate. Inzira z’Imana n’uko abantu batera imbere bisunze ingingo ngenderwako. Turonshwa ingero kubw’ico twabivye, tukimbura tukakiganya neza tukongera tukaba abizigirwa muvyo vyajejwe. Inyishu: Dutegerezwa gutanga kugira turonke Mu gihe dutahuye ko Imana ariyo soko yacu kandi no guhaza kwayo ko kuhari kubwacu, biduha kubona inzira yo gusohoka mu kuzera inze tukinjira mu masezerano y’Imana.

• Ivyakozwe n’intumwa 20:35 “Gutanga kuzana umugisha kuruta guhabwa”

Page 15: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

12

Kuva ku vyiyumviro vyo gutega amaboko ukaja kukuyaramvura utanga bifise ingaruka zishika kure, gushika naho umuntu ashikana ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo mu mahanga.

• Luka 6:38 • Imigani 28:19

Ntakandi karorero kiyo ngingo ngenderwako tworonka nk’uburimyi aho dutegerezwa kureka gutanga ahubwo tukabira kugira turonke umwimbu. N’ugutera imbuto, tukazitabira, tugatunganya isi, tugakora cane, tugatanga umwanya, amafaranga hamwe no kubiziganya.

Ntiwobandanya kwakira ataco utanga. Bibiliya iratubwira ko twumbura ico tubiba. 0 x 0 = 0, 0 x 100 = 0, 0 imbuto mu binogo 22,222 bitanga 0. Iyo ataco uhaye isi naho iba ifise ubushobozi, ntaco uyikurako. Uburyo butandukanye bwo kubiba: Kubiba n’umwete 2 Ab’i Korinto 9:6 "Ubiba nke, azokwimbura bike, ubiba vyinshi azokwimbura vyinshi" Kubiba mu kumenya kwose Ibihe vyinshi muri Afrika, s’ubunebwe canke kuba sindabibazwa bitera ivyago mu birabure ahubwo biterwa no kutamenya.

• Hoseya 4:6 "Abantu banje baranduwe no kutagira ubwenge" Kubiba mu bwizigirwa Ibanga ry’Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana, n’ugutangurana na bito ukaba umwizigirwa muri ivyo bintu bito.

• Luka16:10 "Ukora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no kugikomeye."

Page 16: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

13

Kubibana umunezero Umutima dutangana ni nkoramutima cane.

• 2 Ab’I Korinto 9:7 • Nehemiya 8:10b

Umunezero wacu ufise isoko mu Mwami, ariko uwo munezero utegerezwa kuba mu bigize ubuzima bwacu no mu bikorwa

vy’amaboko yacu.

Urupfunguruzo rwa 5 : Gutanga ibigiracumi n’amashikanwa ku Mana Mu gihe turavye kameremere y’Imana, ubushobozi bwayo hamwe n’ivyo itunze, twokwibaza tuti mbega ni gute bishoboka ko tuyiba ? Muri Bibiliya mu gitabo ca Malaki 3, birashoboka kwiba Imana mu bigiracumi vyacu no mu mashikanwa. Iri jambo ryaranditswe mu barimyi; no mu mitima y’abantu ukuntu iba imeze mu gihe baha Imana ivyayo, ivyo bikagira ingaruka nini mu burimyi.

• Malaki 3:7-12 Ikigiracumi, kigaragazwa no gutanga mu rusengero canke ahandi urongowe, ni uguha Imana. Imana vy’ukuri ntikeneye ubutunzi bwacu, ariko ivyo biyereka aho dushize umutima mu gihe turiko turayishimira muvyo twaronse.

• Matayo 6:21

Dutanga bike nka wa mupfakazi canke imiliyoni y’amadorari, ivyo ntibihambaye ku Mana. Irazi ivyo dutunze n’ingene bitugora kuyiha. Rimwe na rimwe duke tw’umupfakazi turaruta imiliyoni itanzwe mu nzu y’Imana. Imana irazi uko imitima yacu imeze imbere yuko

Page 17: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

14

tunatanga, igaharura imigisha itanga bivuye ku mutima wacu bitavuye ku gitigiri c’ivyo dutanze. Igihambaye nuko iyo duhaye Imana bigirira ingaruka nziza twebwe. Iyi ngingo ngenderwako Imana ntiyayishizeho kugira ironke ibintu ahubwo ni kugira ihezagire abatanga. Umugisha uza k’uwutanga mu buryo butatu: 1) Imana isezerana kuzokwugurura amadirisha y’ijuru inasuke

umugisha usesekaye. Imigani 3:9

2) Imana izokwirukana umuranduzi kugira ntiyonone ivyamwa isi itanga.

3) Imana izokwega amahanga yose avuga ko mwahezagiwe kuko muri igihugu c’ivyiza.

Guha Umwami bimuhesha icubahiro hamwe n’uguhimbarwa ku buryo tutotahura. Guha Umwami bidutera guha agaciro uwundi muntu atari twebwe bikadufasha gushira ubwami imbere y’ivyipfuzo vyacu vyo kwikwegerako. Urupfunguruzo rwa 6 : Gushiraho ubudasa aho ubaye Dutegerezwa kujana Imana mubigize ubuzima bwacu vyose harimwo n’amararo yacu. Dutegerezwa kubohoza amatongo yacu yaboshwe n’ibigirwamana, ubupfumu, amaraso y’inzirakarengane yasesetse hamwe n’ibindi bibi bifatanye n’imivumo.

• Yakobo 5:16 ”Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo."

Page 18: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

15

• Imigani 15:29 "Uhoraho aba kure y’abanyakibi, ariko yumva ugusenga kw’abagororotsi"

• 2 Ingoma 7:14 "Maze abantu banje bitirirwa izina ryanje ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka inzira zabo mbi, nuko nanje nzokwumva ndi mw’ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo"

Twebwe twahindutse ukugororoka kw’Imana kubwa Yesu Kristo, twategerezwa gusenga mu kwizera Ijambo n’amasezerano y’Imana kugira imirima yacu n’aho tubaye bitere imbere. Dushiraho ubudasa aho tubaye nk’abana b’Imana mukuzana Yesu mubigize ubuzima bwacu vyose. Yesu yatwigishije gusenga "ubwami bwawe buze kw’isi nk ‘uko buri mw’ijuru." Gute tuzana impinduka aho turi

• Guca bugufi niyo ntango (Yakobo 4:10) • Kurondera mu nyonga hayo atari ibiganza vyayo (Gusubira

mu vyagezwe 4:29) • Kwatura no kwihana • Saba muzohabwa (Matayo7:7, Yakobo 4:2) • Gusenga • Gushira amanga(Abanyefeso 6:10, Abaroma 8:37)

Imana iri mu ruhande rwacu, ntiturwanya, ishaka ko indimiro zacu zihezagirwa. Tugarukane amatongo yanyazwe n’umwansi.

Page 19: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

16

Urukurikirane intambuko kuyindi Iki gice kivuga ku rukurikirane rwo gushirwa mungiro kw’intambuko kuyindi kugira habeho gutera imbere mu bijanye n’uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana mu matongo yacu. 1) Ibikoresho nkenerwa • Umugozi

Uyu mugozi wo gupima, ufasha kumenya neza urugero rw’ubwinshi bw’ibiterwa. Guhitamwo umugozi muremure (ushika ku metero 50), udakweguka, ukomeye, ushobora kuba ar’uw’impuzu, w’amatara, umugozi batekeza, w’ivyatsi bijishe canke udupande tw’umugozi w’icuma. Kuwucagaguramwo udukoni twa cm60 kugirango ushire ibimenyetso vy’ibipimo k’umugozi. Gushira ifundo kumpera yose y’umugozi, ukawufundika hagati y’igiti n’ikindi. Gufatanya ibimenyetso vy’ibipimo mugushirako udufuniko tw’amacupa canke mugushirako utugozi duto dukweguka canke tw’ivyuma tworoshe kumugozi neza na neza ku cm 60.

• Amasuka • Ibipimisho (Inkono ziriko ibipimo) • Udukoni tw’ugupima musi ya cm 60 na cm 75. • Imigozi n’udufuniko tw’amacupa • Amase, umwavu, ishwagara canke intabigwa • Imbuto • Ikiyiko bakoresha mu cayi • Ikiyiko bakoresha mw’isupu • igikombe canke igikopo ca ml350

Page 20: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

17

2) Gutegura isi • Gutangura amezi abiri imbere yo kubiba • Gutangura bito no gukorera vyose kurugezo runini. Igitigiri

c’imbuto zihari nico cerekana ubunini bw’isi yukubibwa • Kutarima • Kudaturira no kudahamba ivyatsi mukuzimu • Mugihe isi itigeze irimwa, n’ukuyiharura ugahandagura

ugakangaza • Mugihe isi irimwo ivyatsi bibi, n’ukubizura n’isuka gushika epfo

mukuzimu ukabirekera aho nk’igifukisho kiva ku Mana

3) Gushiraho umurongo ufasha kurongora • Guhera ku mutwe w’umurima • Gushira umugozi wa cm60 hejuru y’ikinogo kunkengera yaco • Kuwushira ku rugero rw’uruzitiro canke rw’inzira ihari • Gushira ibiti bibiri vyigenga kumpera y’umurima; kuntango no

kw’iherezo ry’igipimo kiri kumugozi • Gushiraho imfuruka ngororotsi nziza ukoresheje urupapuro hama

ukamanura umugozi kukinogo uhereye aho no kumirongo ikurikira

4) Kwimba ibinogo Ibigori: • Gutandukanya: cm60 kumirongo • Ubwaguke bw’ikinogo: isuka ya cm 12 z’ubwaguke • Uburebure bw’amajepfo: cm15 mugihe hakoreshwa amase

y’ikirundi, akarorero: amase, umwavu n’ishwagara: cm 8 mu gihe hakoreshejwe amase y’ikizungu, akarorero DAP

• Uburebure bw’amajepfo • Ivu rigigwa n’ikirundo ku mpera y’umurima

Page 21: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

18

• Kungururiza umugozi wa cm60 kumurongo ukurikira, ukoresheje

inkoni ya cm 75 kugira utandukanye neza • Kwimba ibinogo mumurongo wa kabiri nk’uko vyanditse hejuru

n’ukubandanya umanuka cm75 imbere y’ugutangura umurongo mushasha

• Kugira ntiwihende, shira uduti twigenga kumirongo cumi canke 20 k’ubwaguke bw’umurima

Ibindi biterwa • Itandukana ry’imirongo kubindi biterwa ni rito kandi mubisanzwe

ntidushobora kwimba ibinogo. Aho kwimba ibinogo, tuza gutera kumirongo ibandanya muburebure bw’umurima

• Shira umugozi kumurongo, ariko aho kwimba ibinogo bitandukanye cm 60, ca bisanzwe umurongo wi cm 8 z’uburebure bw’amajepfo

• Raba igicapo kugice c’ibindi biterwa kugira utahure neza

Ikinogo

Isuka

Cm 15 umwavu w’kirundiCm 8 umwavu w'ikizungu

Ubutemba

Ivu hejuru y’ikinogo

Page 22: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

19

5) Kugabanya ubukari bw’isi • Kenshi amasi y’ibice bigwamwo imvura nyinshi, hakagira ivu

ritukura, afise ubukare kandi agumya ivyunyunyu nkenerwa mu gukura kw’ibiterwa.

• Ishwagara mu burimyi yongereza PH isi, bigatuma ivyunyunyu vyakirirwa n’imizi mu buryo bworoshe.

• Gukwiragiza ishwagara hakoreshejwe ikiyiko gipima ikawa (ml5) mu kinogo cose mu gihe atacirwa na kimwe cakozwe.

• Mu gihe icirwa c’isi cakozwe, n’ugushiramwo ingero yasabwe. • Mu kibanza c’ishwagara ushobora no gukoresha ikiyiko gipima

isupu ugakayora umunyota ukawuvanga n’ikirundo c’amase ari umufuko umwe canke ibiri.

6) Intabire Habaho ubwoko 2: Ay’ikirundi n’ay’ikizungu Ay’ikirundi • Umwavu, amase y’ibitungwa. Ibumba • Koresha igikombe canke igikopo ca ml 350 • Nayo nukuyashira indani mu kinogo

Ikingi igumahoi 1

InkingiInkingi

cm 60 z’umugozi

Ikinogo Ikirundo c’ivu

Umurongo w’ivu

Ubutembe

cm 75 hagati y’imirongo

Umurongo ukitse

Umurongo w’ibiharage, amasaka, ivyema, n’ibindi

cm 75 hagati y’imirongo

Urupapuro

Ikingi igumaho 2

Umugozi umanuka

Gukuranya ibinogo n’imirongo

Inkoni ya cm 75

Inkoni ya cm 75

Inkoni ya cm 75Inkoni ya cm 75

Page 23: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

20

• Umwimbu mwiza w’ibigori kw’ihegitari ukoresheje amase y’ibitungwa n’itoni 3 canke 5, ukoresheje umwavu w’itoni 2 canke 5 hamwe n’ibumba ry’itoni 1 canke 3.

• Ku biharage, gukwiragiza ml 350 y’umwavu ku bwaguke bwose bw’umurongo kuri cm 60.

• Ku biterwa bisaba ifumbire nyinshi, nk’akarorero amasa, ushiramwo umwavu ku m 1.

Ay’ikizungu • Ari uburyo 2: Intambire yo mu kinogo canke hejuru kw’isi. • Ubwoko bw’urufatiro butigera bubura ni DAP canke NPK mu

ngero zitandukanye. • Intabire zo mu kinogo zishirwa indani mu kinogo. • Ku mwimbu usanzwe, shira ml 12 canke ikiyiko c’isupu ca DAP ku

murongo ugoroye kandi mu kinogo cose. • Ari ku giterwa c’ibiharage, nk’akarorero biri ku murongo, ushira

kuri cm 60 z’umurongo ikiyiko nk’ic’ikawa.

Muri rusangi • Fuka bukebuke nka cm 3 z’ivu gushitsa ku burebure bw’ikinogo

gikenewe guterwamwo imbuto. Basiga (cm 5 ku kigori, cm 3 ku biharage).

• Kurindira imvura igakwira. 7) Igihe c’ibiba • Imirima ikwiye kuba yahejeje gutegurwa kugira ibibwe n’iburiburi

indwi 3 imbere y’igihe gikwiye co kubiba mu karere umuntu ahereremwo. Nk’akarorero muri Afrika ya ruguru imirima itegerezwa kuba yahejeje gutegurwa mu mpera z’ukwezi kw’icumi.

• Ni vyiza gukoresha imbuto zishobora gusubira kubibwa ku mwaka ku mwaka.

• Imbuto ntizorenga zitatu ku kinogo, neza na neza 2 (44000 vy’imbuto kuri hegitare imwe).

• Guteragira imbuto ku murongo ugororotse zigashirwa indani mu kinogo.

Page 24: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

21

• Uburebure bw’amajepfo bw’aho gushira imbuto: uburebure bw’ikibiriti ku bigori, ubwaguke bw’ikibiriti kw’isoya, n’ubunini bwaco ku ngano.

• Mu gutera ibiharage, shira urubuto kuri cm 10 ku burebure bw’umurongo.

• Fukisha ivu rike gushika ku buringanire bw’isi yindi. Gukuraho amabuye, ibisiduka n’ivyatsi mu gihe uriko urafurira.

• Gufukisha ivyatsi umurima wose. • Menya neza: Ku biterwa vy’utubuto dutoduto nk’ikaroti, epinari

n’ibindi, nukureka gufuka umurongo ubivyeko gushika aho ibiterwa biboneka.

8) Kurwanya ivyatsi bibi • Ivyatsi bibi bigabanya umwimbu w’ibiterwa kubera bisangira

n’ibiterwa amazi, umuco, ikibanza. • N’ugukurayo ivyatsi bibi bikiri bito, harakenewe imisi indwi yo

gukurayo ivyatsi bibi kw’ihegitari mu gihe ivyatsi bibi bipima cm 2, ariko imisi 14 mu gihe bingana cm 30.

• Ikiringo gikurikirana c’ugukuramwo ivyatsi bibi n’ic’imisi 10. Ivyo bituma haba imisi myinshi y’akaruhuko iyo ubikuye bigifise cm 2, iyo ubirindiriye bigashitsa cm 30 bituma bigucereza mu kiringo co kubikurayo.

• Kura ivyatsi mu gusubira inyuma ubikatira ku rugero rw’isi. • Gukura ivyatsi birandaranda no kubishira kure y’umurima, canke

kuvyicisha umuti wica ivyatsi. • Ntureke ivyatsi bibi ngo bisubire kumera mu murima.

9) Kubonesha • Kubonesha indwi 2 canke 3 inyuma y’ukuboneka kw’ibiterwa, mu

gihe imimerero canke ingemwe bigera kuri cm 20 na 30 z’amaduga.

• Kutarenza ibiterwa 2 mu kinogo kimwe. • Gufatira hamwe ibinogo 3, atari 1, hanyuma hakabayo

nk’ibiterwa 6 mu binogo 3. Raba akarorero aha musi.

Page 25: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

22

Mu gihe ibiterwa 3 vyasohotse mu kinogo kimwe, kuramwo ikitari ciza canke ico hagati.

Gukurayo ico hagati Gukurayo ikidafise inguvu Gukurayo ikidafise inguvu

Reka 3 mu kinogo kimwe mu gihe hari ikinogo kirimwo kimwe gusa, ikindi bibiri kugira ugumane muri rusangi 6 mu binogo 3

Ibiterwa 7 mu binogo 3, hakenewe kuvamwo 1 na cane cane ahari 3

Gukuramwo ico hagati canke igifise inguvu nke 10) Umwavu wo hejuru (Ibigori) • Ku mwimbu wa mbere, n’ugushiramwo incuro 2 umwavu wo

hejuru (ammonitrate) canke urée. Incuro ya mbere indwi 2-3 inyuma y’ugututuza kw’ibiterwa: • Ml 8 canke ikiyiko bapimisha icayi cuzuye neza. • Shira kuri cm 7 z’umutumba w’igiterwa.

Page 26: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

23

Incuro ya 2 imbere y’uko Bizana amasage: • Ml 5 canke ikiyiko c’icayi cuzuye neza • Shira kuri cm 10 z’umutumba w’igiterwa.

11) Gukuramwo ivyatsi bibi imbere yo kwimbura • Mu gihe ibishishwa vy’ikigori bitanguye kwizinga, harakunda

kuboneka gukura kw’ivyatsi bibi. • Gukuramwo irya nyuma ivyatsi bibi kugira usage isi yidegemvya.

Ivyatsi bibi bitera uruhombo mu mwaka wo kurima kuko vyonona akanovera k’isi.

12) Gukurako umutwe • Mu gihe igiterwa cakuze neza. • Kuvunira hejuru ibiti haruguru y’ikigori kugira cume ningoga kandi

bikoreshwe no ku mwavu.

13) Kwimbura • Wimbura mu gihe ibigori vyeze neza, mu bisanzwe amezi 2

inyuma yo gututuza. Ibitiritiri biba vyumye cane n’intete zihengamiye hasi. Muri ico gihe ikigori kiba kirimwo ibice 30 kw’ijana vy’itoto.

• Kwanikira intete mu kibanza gikwiye gushika zisigaranye n’iburiburi ibice 13 kw’ijana vy’itoto, imbere yo kuzibika mu mifuko.

14) Kuryamika ibiti vy’ibiterwa inyuma yo kwimbura • Kubitema bikaryamikwa hagati mu murima • Ivyo bifasha gufuka eza isi no kurinda ko ivyatsi bibi bimera • Ivyo bituma ibiti vy’ibigori bica bibora ntibigume ari bibisi.

Page 27: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

24

Impamvu 20 zo kubikora uko

Ubuhinga ngenderwako bw'uburimyi bivanye n'ingingo ngenderwako z'Imana n'ubu:

Kudaturira … Ibifukisho vy’Imana bifise ubushobozi bwo kuzana umusesekara nkuko tubisezeranirwa mu mirima yacu. Bizana ikirere kidasanzwe mu gukira kw’isi.

Kutarima… Mu gihe ca Bibiliya, barimisha imihunda y’uducumu, ivyo ntivyatuma isi irinda guhindukizwa, ahubwo vyorosha isi gusa kugira vyorohe kubiba.

Gukuranya ibiterwa… Gukuranya ibirimwa bifise akamaro kanini ku magara meza y’ibirimwa. Akamaro k’ubuhinga bugezweho bw’Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana buboneka muri make uku gukurikira: Uburusho rusangi 1) Gutemba kw’amazi Uburimyi Bwemewe: Ibice 90% vy’imvura bitakarira mu gutemba kw’amazi Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana: Ibice 6% vyonyene vy’imvura nivyo bitemba bigatakara.

Kudaturira canke guhamba urukangazwa; Kutarima; Gukuranya ibiterwa

Page 28: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

25

2) Inkukura Uburimyi Bwemewe: Hagati y’amatoni 55 na 250 y’ivu biratakara kuri hegitare muri Afrika. Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana : hatakara ivu rike cane kuri hegitare ku mwaka. 3) Gutemba kw’amazi Uburimyi Bwemewe: Ukwimiminura kw’imvura gutuma isi ikomantara bigatuma ibice cumi kw’ijana gusa arivyo vyinjira mw’isi. Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana: Ivyatsi bikingira isi gukomantara gutewe n’imvura ariko ikagumana akamaro kayo. Kandi bituma haba ukwimiminura kw’imvura kugera kubice mirongo icenda na bine kw’ijana. 4) Kugabanya ubuhombe buva kugutumuka kw’imvura Uburimyi Bwemewe: Ibice cumi kw’ijana vy’amazi yinjira kumasi arimye bigira ikibazo ko bihura n’ubushuhe bw’isi bwinshi bigatuma isi itakaza kuremba kwayo kubwo gutuma kw’amazi. Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana: Ivyatsi bituma haba agatutu kw’isi bigatuma kandi isi igumana ukuremba n’ugutotahara bikagabanya uko gutumuka kw’amazi. 5) Ubushuhe bw’isi yoroshe buba bwiza kugukura kw’ibiterwa Ibiterwa mu mirima ibibwe mu Burimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana bikenera umwanya munini kugira ngo bitutuze ariko mu kiringo cababa indwi zitatu bitutuje, bikura neza bikanarenga ivyabibwe mu yindi mirima yarimwe mu buryo busanzwe. Ubushuhe bw’isi iremvye ni bwiza ku mizi bikanatuma ibiterwa bikomera bikanagira amagara meza. 6) Imvura ya mbere ntitakara Uburimyi Bwemewe: Urindira imvura ya mbere imbere y’ukurima. Urindira imvura ya kabiri imbere y’ugutera. Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana: Imirima itegurwa imbere y’imvura ya mbere. Urashobora gutera neza na neza ku mvura ya mbere yaguye neza kandi hagatakara amazi make y’imvura itumuka.

Page 29: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

26

7) Kugwanya ivyatsi bibi bikuze Uburimyi Bwemewe: Kurima gutuma haba gututumba kw’ivyatsi bibi. Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana: Kutarima kandi ibice 100% vy’isi ifutse ituma hagabanuka cane ugukura kw’ivyatsi bibi. Gufuka bukebuke, n’ukwerekana kandi nibwo buryo bwiza bwo kugwanya ivyatsi bitandukanye birandaranda. Akamaro k’ukwongerereza uburyohe isi 8) Kwongerereza ubushobozi bwo kugumya amazi Isi itarimye, imeze nk’ikimamara, igumya neza ukubomba kw’isi, ivyo bishikana kukurinda kwiza ukugaduka kw’isi kandi ishikana kumwimbu mwiza. 9) Kwongereza uburyohe bw’isi Ivyatsi bigenda birabora bukebuke uko imyaka igenda, kubera udukoko n’igikorwa c’imikorobe. N’igice gikomeye c’ukugaruka kw’ivyunyunyu mw’isi, ivyo birongereza uburyohe bw’isi. 10) Kuronka icangombwa « Azote » kubera ugukurakuranwa kw’imboga Bongereza uburyohe bw’isi mu gukurakuranya ibiterwa mbumbarugo n’imboga nk’ibiharage, isoya, ibiyoba n’ibindi biterwa bishobora kwongereza icambombwa « Azote ». Muri ubwo buryo, « Azote » izoba ihari kubw’igiterwa c’umwaka ukurikira. 11) Kurunda bisanzwe Uburimyi Bwemewe: Isi irimye kenshi irirundanya bisigura gufatangana kubera ibiyigize vyose n’umuyaga bihaca, ivyo bituma isi ikomera kuruta. Kurima kandi gutuma haba ibirimiro na cane cane hejuru hagumye, hakomeye gushika ku cm 20 canke 30 z’amajepfo. Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana: Ubunini bw’isi bwongerekana ku mwaka ku mwaka hamwe n’uduti twinshi tw’imizi ya kera n’inzu z’udukoko bituma imizi y’igiterwa gikurikira yironkera ningonga inzira mu kuzimu, atacononekaye.

Page 30: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

27

12) Ukwagukirwa kwiza Ingaruka z’isi ifatanye mu gihe itarimwe, kubera inzira z’udukoko n’ukubora kw’uduti tw’imizi bifise igikorwa gikomeye mu kubika umuyaga mubigize isi ; kandi, imizi irashobora guhema no mugihe isi itabomvye. 13) Kwongereza udukoko tugaburira isi Mw’isi haba ubwoko bubiri bw’udukoko tw’isi, aritwo uduhema n’utudahema.

Uburimyi Bwemewe: Ukurima guhamba udukoko mu kibanza kitari icatwo hama tugasohora ibiva muri ca kibanza kitari icutwo dukoko bikaza mu kibanza catwo ivyo bigaca bituma vyose bipfa.

Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana: Kubera badaturira ivyatsi kandi ntibarime isi, bituma haba ikibanza ciza, kiremvye kandi kibomvye, kugira udukoko twinshi tubeho. Isi nziza ikomeye, n’isi ifise ibiyibamwo.

Inyungu mu butunzi

14) Kurwanya udukoko tubi n’indwara Ibiterwa bitamererwa neza n’isi ibomvye canke ivyunyunyu bituma haba ugukwega umuco mwinshi nawo ugakwega udukoko n’indwara. Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana butuma ibiterwa biguma bimeze neza bidatinya ukubomba kw’isi. Ugukora kw’isi gukwiye kandi gukomeye kuba kuhari. Ivyo bituma ikibanza kiba kirinzwe guterwa n’udukoko tubi n’ivyo twonona. Kandi ugukurakuranya ibiterwa vyica ukubaho kw’udukoko tubi hamwe n’indwara z’ibiterwa, ivyo bica bigabanya uruhombo mu mwimbu rutewe n’utwo dukoko n’indwara z’ibiterwa.

Page 31: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

28

15) Ikiguzi no gucungura umwanya mu gutegura imirima Vyarashizwe ahabona ko abadandaza n’abarimyi bakoresha incuro 3 igitoro kirenga kuco bahora bakoresha, mu kuzigama ibikoresho, mu gukora amamashini kuruta iyo barimye. Abarimyi batobato bamara amayinga 10 barima bongera bimba ibinogo aho abakoresha Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana bafata amayinga 6 kugira ibinogo bibe biteguwe neza kubibwamwo. 16) Kugabanya uruhombo rw’ifumbire Buri mwaka, amamiliyoni y’amatoni y’ifumbire bitakarira mu myonga bivuye ku nkukura n’amazi atemba ku misozi. Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana buragabanya ubwo buhombe bukanakinga kugira umwavu ugume vy’ukuri hafi y’imizi ya buri giterwa cose. 17) Ukurinda kwuma n’ukugabanya ivyotuma haba ukwuma. Vyarashizwe ahabona ko kurinda isi kwuma biva ku mvo 3:

• Igice gipfutswe n’ivyatsi • Isi yoroshe, ifise n’ivu ryoroshe imeza neza • Igitigiri c’ibinyabuzima biba mw’ivu

Kurima ukurakuranya igice kimwe ku bice bitatu bigenda bigabanya cane gutakaza umwimbu mu gihe habaye ibihe bitari vyiza nk’ukwuma kw’isi n’uguterwa n’udukoko turya ibiterwa. 18) Kugabanya igiciro co kuvomerera imirima Urashobora kugabanya mu buryo buboneka cane incuro z’ukuvomerera imirima mu gihe wayifutse n’ivyatsi ukayirinda kwuma. 19) Umwimbu mwiza w’ibiterwa Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana butanga ibihe vyiza bituma ibiterwa vyiyagura, mu kugabanya uguhungabana hamwe no kurwiza umwimbu. Imizi imera neza musi y’ibisasizo ikanaronka aho yiyagura kuko haba hari n’ibomba mw’isi.

Page 32: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

29

20) Kurwiza umwimbu Umuvyeyi wa Dixon yaronka umwimbu w’imifuko 3 ku mwaka. Dixon yaciye aronka umwandu w’umurima aca yiyemeza gukoresha Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’imana: Dixon: Umwaka wa mbere yaronse imifuko 5

Umwaka wa kabiri yaronse imifuko 45 Umwaka wa gatatu yaronse imifuko 54 Umwaka wa kane yaronse imifuko 69

Joseph: Yavuye ku mifuko 7 aronka 70 mu mwaka wa mbere. George: Umwimbu wijijwe n’incuro 9

Page 33: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

30

Gutunganya ibintu Intumbero yo gutunganya ibintu mu burimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana n’ukugira haboneke umwimbu uramba. Mu bice bitandukanye vy’ubuzima, usanga habaho ukuziganya kuboneka mu bintu kubera Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana, ku bijanye n’isi, amazi, ivyankenerwa vy’ibiterwa, umwanya, ikiguzi mu gutegura imirima. Muri make kugira Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana bubonekemwo ugutera imbere, harakenewe ukuziganya.

Urupfunguruzo rwa 1 : Ku mwanya

• Itanguriro1:14-19 ukurema kw’Imana mu ntango ya vyose biraduha urufatiro rwo gutunganya umwanya.

• Imana yararemye imisi, amezi, imyaka, n’ibihe. • Umusiguzi 3:11 "Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco." • Gutegura isi mu gihe c’irimwa. • Kurondera intabire «ibifukisho vy’Imana» hamwe n’imbuto.

Gukora umwavu imbere yuko ibiba rigera. • Gutera ku gihe- mu bice vya Afrika yo hagati aho imvura irwa no

mu ci, habaho gutakaza Kg 120 z’umwimbu kuri hegitare ku musi wose umuntu arengejeko mu gihe hateragiwe imbuto inyuma y’igenekerezo rya 25 Munyonyo (Hapfuye kurwa imvura gusa).

• Tema ivyatsi ku gihe

Imfunguruzo 3 zo kuziganya mu Burimyi bwisunze ingingo ngenderwa z’Imana: gukora ibintu

Ku mwanya, ku rugezo rwo hejuru mu kwirinda gusesagura

Page 34: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

31

Urupfunguruzo rwa 2 : Gukorera ku rugezo rwo hejuru

Imana yakoze vyose ku rugezo rwo hejuru. Ubwo buryo bwiza budasanzwe bwo gukora ibintu bwerekanwe ubwa mbere mu kurema ibintu, nkuko bivurwa mw’Itanguriro 1, igihe yaba ihejeje kurema ikintu yarakiraba ikavuga ko ari ciza. • Umugozi wo gupimisha imirongo igororotse kandi hubahirijwe

n’ugutandukanya neza imirongo. • Ugutera ha handi nyene- bateragira muri ca kinogo nyene

umwaka ku wundi. • Ibinogo bitandukanijwe kuri cm 60x75, igiterwa kigashirwa mu

kuzimu hisunzwe ubwoko bw’intabire. • Gutera imbuto 3 ku murongo mu kinogo. • Gusigarana ibiterwa 44 444 vy’ibiti vy’ibigori inyuma yo

gukuramwo ibidakenewe ubonesha. • Kugumana ahazorimwa umwaka wose ata vyatsi bibi bihameze. • Ibice 100% vy’isi bifutswe n’ivyatsi vyasasijwe. • Ugokeresha neza umwavu wabonetse. Kubera iki hakwiye guterwa muri vya binogo nyene ku mwaka ku mwaka: • Ivyangombwa bikenerwa n’ibiterwa biba vyasigaye ku mwimbu

uheruka biba bigishobora gukenerwa ku mwaka ukurikira. • Isi iba yoroshe kandi imeze neza ku buryo vyoroha kuyirima. • Imizi yaboze y’ibiterwa biheruka irongereza ukumera kw’isi kandi

iranafasha mu kworoherwa kw’amazi kwinjira mw’isi ndimwa. • Gutsindagirwa kw’isi bitewe n’ibirenge canke ibindi bikoresho

bica biba hagati y’imirongo. • Hagati y’imirongo iyo hatononwe biragabanya kuboneka

kw’ivyatsi bibi.

Page 35: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

32

Ingingo yose igomba gushikana umuntu gukorera ku rugezo rwo hejuru ni nziza kuri twebwe. Izo ngingo zatowe kugira zifashe imirima yacu kuzana umwimbu uramba. • Ab’i Kolosayi 3:23 "Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu

mutima, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu."

Urupfunguruzo rwa 3 : Kugabanya gusesagura Muri Bibiliya turabona akarorero kadasanzwe ka Yesu ko kudasesagura mu gihe yagaburira abantu ibihumbi bitanu. (Matayo 14 :14) Uturorero duhabwa n’Imana two kudasesagura: • Urukurikirane rw’ingene imvura ibaho, urabona ko atagitakara

haba guhindagurika gusa • Uko carbone ihindagurika. Ugusesagura kw’umuntu: • Guhonya amashamba. • Kurima hatemwe hagaturirwa n’amashamba. • Inkukura. • Gusendanisha kw’amazi ku misozi. • Kurima ahantu hanini ugakuraho umwimbu muke, nabwo

n’ubundi buryo bwo gusesagura. Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana bituma haba ukugabanya ugusesagura: • Kugabanya aho turima kuko umwimbu uguma ari mwiza no mu

gihe twarimye hato. • Mu kubungabunga isi ndimwa

Page 36: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

33

• Mu kureka imvura ikanwesha isi • Mu kugabanya ugusendanisha kw’amazi • Mu kubika isi ibomvye • Bifashijwe no kumera kw’isi bivuye ku kubikwa neza

kw’ivyankenerwa mw’isi ndimwa • Mu gutandukanya ibiterwa birandaranda • Mu gukoresha umwavu mu buryo bwiza • Mu kuziganya umwanya n’amafaranga

Gusozera

Nukuri biratangaje cane kubona ibijanye n’imfunguruzo 3 zo kubungabunga ibintu, biduha kugira umunezero udasanzwe ku bikorwa vy’intoke zacu. Mwibuke ko uwubibanye umunezero azokwimbura mu munezero ; uwubivye afise imyidogo, ashavuye nawe azokwimburana imyidogo n’ishavu nyene.

2 Ab’i Korinto 9:7 "Umuntu wese atange nk’uko abigabiye mu mutima wiwe, atababaye cank’’atagoberewe, kukw’Imana ikunda utanga anezerewe." Kumenya kubungabunga ibintu neza, ivyo navyo bikaduha umwimbu uramba biduha kugenda hamwe no kugaragaza ko turi abana b’Imana. Dutegerezwa gukora vyose nkuko Umwami wacu yabikora, twerekana ivyamwa vyose vya Mpwemu Yera nk’ikimenyetso cerekana ubushobozi bw’Imana bwo guhindura bukorera mu buzima bwacu.

Page 37: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

34

Umwavu Intangamarara • Uwo mwavu tuvuga n’ivyatsi vyaboreshejwe no kuribwa

n’udukoko duto duto, tutaboneka n’amaso. Utwo dukoko tukabitera kubora.

• N’uburyo bwiza bwo gusubiriza angeri y’ikizungu. Mu gihe uhaye isi uwo mwavu wateguwe neza, uba ufashije abarima iyo si kuko umwimbu ushobora no gusumba uwakoresheje umwavu w’ikizungu.

• Uwo mwavu wongereza uburyohe isi ukagarukana n’akanovera kaba kahejejwe mw’ivu.

• Amategeko avuga ko umuntu yogira inyabarega ya metero 2 kuri metero 2, akaba ariyo wuzuza ivyatsi.

• Uwo mwavu uba ukwiye kugira usubirire umwavu w’ikizungu wotabira igice c’ihegitari y’ibigori.

• Ntivyemewe ko ivyatsi vya mbere ushize mu nyabarega vyoba musi ya metero kube n’igice.

• Tangura kwegeranya ivyatsi vyo kugira umwavu mu gihe ibirimwa bitanguye gukura.

Ibirungo mu mwavu Umwavu uba urimwo ibirungo vya nkenerwa 3 : azote,Ibituma haba itoto, Ibituma haba kwuma. 1) Ibigize azote • 10% vy’umwavu= Imifuko 15 y’amase. • Atamase ahari hokoreshwa metero kube 4 z’ivyatsi

birandaranda. • Ivyo bigize uwo mwavu bifasha twa dukoko duto duto gutangura

akazi ko kurya vya vyatsi ngo bibore.

2) Ibituma haba itoto • 45% mu bigize umwavu • Ivyo ni birya biguma bisa n’urwatsi rubisi no mu gihe haba haciye

igihe barabitemye.

Page 38: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

35

3) Ibituma haba kwuma • 45% bigize umwavu • Ivyo bifise akamaro ko gutuma ibigori bimera bikazana

ibigorigori. • Ivyo bigize umwavu bituma umwavu urwira. Hokoreshwa

nk’ivyatsi, ibiti vy’ibigori, n’ibindi. Ivyo vyose bikwiye gutsindagirwa neza kugira kimwe cose kironke ikibanza caco. Gupanga neza uwo mwavu • Ni vyiza cane kwubahiriza ibiharuro bitangwa n’abahinga. • Gupanga uwu mwavu ukuranya ibintu 3 bikomeye vyavuzwe

hejuru. • Bimwe bifasha kubona itoto n’ivyumisha bikwiye kubanza

gucishwa mu mazi imbere yuko babipanga. • Kubipanga uhereye kuri cm 20 z’ivyumisha, cm 20 z’ibitera itoto

hanyuma hejuru hakaja imifuko 2 y’amase yavomerewe neza. • Guma usubiramwo uko nyene gushika uronse m 2.

Page 39: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

36

Ubushuhe • Ubushuhe busanzwe buzwi buri hagati ya 55°C na 68°C • Gumana ubwo bushuhe imisi 3 kugira hapfe imbuto zomera

hamwe n’ibindi bidakenewe. • Koresha igikoresho gifasha gupima ubushuhe kugira

hamenyekane aho bugeze. • Uburyo bworoshe bwo gukoresha n’akuma ka mm 8 ushiramwo

ukamazayo iminota mike ugaca uraba ko ushobora kukagumya mu biganza amasegonda 5. Mu gihe bikunze uca umenya ko ubushuhe buri musi ya 70°C. Iyo bitari uko umenya ko hageze ko uhindukiza vya vyatsi.

cm 20 z’ibifasha kwumisha

cm 20 z’ibizana itoto

Imifuko 2 y’amase

cm 20 z’ibifasha kwumisha

cm 20 z’ibizana itoto

Imifuko 2 y’amase

cm 20 z’ibifasha kwumisha

cm 20 z’ibizana itoto

Imifuko 2 y’amase

cm 20 z’ibifasha kwumisha

cm 20 z’ibizana itoto

Imifuko 2 y’amase

m 2

Page 40: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

37

• Hejuru y’ubushuhe bwa 70°C, twa dukoko nkenerwa turapfa kandi n’ibindi vya nkenerwa mu mwavu bigatakara.

• Uwo mwavu uca ushirwa mu mwanya wo guhozwa inyuma y’indwi 6 gushika

Guhindukiza umwavu • Guhindukiza ubwa mbere inyuma y’imisi 3 (imbere yuko

ubushuhe bushika kuri 70°C) • Kwungururiza umwavu mu kindi kibanza ca m 2 kuri m 2

ukoresheje isuka, ukabikora mukuvanga: ugafata ivyari inyuma ukabishira indani hanyuma ivyari indani ukabishira hanze.

• Ico gikorwa co guhindukiza gituma haguma ubushuhe bukenewe, ivyangombwa bikavangana, ukazana ivyari hanze bikaja indani navyo bikaronka ubwo bushuhe, bikanashoboza ivyari indani gucibwako n’akayaga.

• Mu gihe umwavu udahindukijwe neza, birabura akayaga, bikagira akamoto kabi hanyuma hakaboneka intabire idafise akanovera.

• Inyuma y’amezi 2, ivyo guhindukiza birahera. • Mu gihe ivyo guhindukiza vyaheze, iyo ntabire ica irekwa amezi 4

iri ahantu hakingiwe.

Ukubomba • Ukubomba kugenda kurahera kubera gutumuka kw’umuhisha. • Gerageza kugumya ukubomba ku bice 50%. Umuntu ashobora

kubipimisha kubifyonda mu kiganza: Mu gihe havuyemwo amazi, umenya ko ibomba ari ryinshi. Mu gihe hatavuyemwo amazi ariko wuguruye ibiganza ugasanga ntibifatanye uca umenya ko vyumye cane ugaca wongeramwo amazi. Mu gihe ubifyonze ntihagire amazi avamwo ariko wuguruye ibiganza ugasanga birafatanye uca umenya ko kubomba biri ku bice 50%.

• Mu gukingira umwavu kugira imvura ntiwonone mu kuwukanyisha, haca hasigwa agatemba kugira imvura irengane kandi hagaca haba no gusakazwa n’ivyatsi canke amagunira yakuwemwo imbuto.

Page 41: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

38

Ivyerekana intabire nziza: • Irangi ry’ikivuvu • Akamoto katarakira keza • Kuba bitavungagurika • Habamwo ivyangombwa nkenerwa mu ntabire.

Intabire ishobora kubikwa imyaka, itarononekara kandi itaratakaza akanovera kayo kugira izane umwimbu mu gihe ikoreshejwe. Intabire iyo ikoreshejwe mu murima haboneka umwimbu hanyuma muri ivyo tuba tugaragarije ubwizigirwa Imana yabidushize mu biganza kugira turonke ibidukwiye.

Page 42: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

39

Guha isi akanovera bicishijwe mu gukuranya ibirimwa Mu burimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana, turahimiriza abanyagihugu guha agaciro isi mu gukuranya ibirimwa, hamwe no gukoresha umwavu usa n’urwatsi rutoto. Gukurakuranya • Inyuma y’imyaka 3 hakwiye kuba kuruhurirwa kw’itongo. • Gabura itongo mu bice 3 bingana, uce ufata ibice bibiri

ubirimemwo imfungurwa zisanzwe nk’ibigori, hanyuma igice ca 3 ugihindurire urime nk’ibiharage vy’imikerera. Umwaka 1 2 3 Igice c’itongo 1 Ibigori Ibiharage Ibigori Igice c’itongo 2 Ibigori Ibigori Ibiharage Igice c’itongo 3 Ibiharage Ibigori Ibigori

• Gufata ica gatatu c’itongo kigahindurirwa ibirimwa. • Gukuranya ibiterwa birandurana n’imizi indwara zifata ibiterwa,

bigasubiza akanovera isi, bikazana ivyimburwa birimwo vya nkenerwa kandi biranazana akarusho mu butunzi bw’umuryango.

Umurongo wo gukorerako • Guhindura ubwoko bw’ibiterwa • Gushiramwo n’ibiterwa nk’ibiharage, soya, ibiyoba hoshobora no

gushirwamwo ibijumbu, imboga. • Igice ca 3 c’itongo cogaburwa kugira harimwemwo ubwoko

butandukanye bw’imboga kugira zikoreshwe mu kwongereza ivyangombwa mu mubiri.

Page 43: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

40

Akarorero ko gukuranya imirima

Ibirimwa bisubirira ibindi (umurima wo gusubiriza) Bisigura gutera ibiterwa vya kabiri mu gihe ivya mbere vyapfuye; biraboneka cane mu bice ikirere gihindagurika. Ivyo birimwa bisubirira ibindi bitandukanye n’ibirimwa vya kabiri biterwa ivya mbere vyimbuwe. Hakwiye kuba ukwiyubara kugira ivyo biterwa bisubirira ibindi ntibiterwe kare, kuko vyokwonona cane ubuzima bw’ibiterwa vya mbere, akarorero nk’ubu uteye ibiharage ngo bisubirire ibigori vyoterana ikibazo mu kwera kwavyo.

Itunganywa ry’umurima Hagati y’imambo 2 : cm 60

Ubutemba

Imambo 2

Imambo4

imirongo 10canke m 7,5

IGICE CA 2IBIGORI

Hagati y’imambo 2 : cm 60

Itunganywa ry’umurima

IGICE CA 3IVYO GUKURANYA

IGICE CA 1IBIGORI

Imambo6

Imambo3

Imambo5

Imambo1

Imambo8

Imambo7

imirongo 10canke m 7,5

imirongo 10canke m 7,5

Page 44: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

41

Menya neza: Ivyo biterwa bisubirira ibindi bitandukanye n’ibiterwa hagati y’imirongo y’ibindi biterwa (akarorero: gutera ibiharage hagati y’imirongo y’ibigori). Ntitwotera intege abashira ivyo biterwa hagati y’imirongo. Angeri isa n’urwatsi rutoto (CIPAN) Iyo angeri yagiye ikoreshwa haraciye imyaka itari mike kandi yaragize akamaro cane mu guha akanovera isi, mu guhonya ivyatsi bibi, kurinda inkukura, gutanga ibisasizo vyiza vy’ibitungwa, gutanga ibifungurwa. Imeze nk’intabire bikorera mu mirima kandi ifise ingaruka nziza nyiinshi: ntibirinda gukenerwa kuvomera kandi bisaba akazi gake. Iyo ntabire irarinda uruzuba canke n’igihe c’imvura nyinshi. Twohanura gutegura iyo ntabire mu gihe c’imvura nke kugira habe kwitegurira igihe c’ukurima. Uturorero • Ibiterwa birandaranda: Ubushaza, ibiharage, n’ibindi • Ivyama intete nk’ingano n’ibindi Ibiharage, ubushaza n’ingano birashobora kuba ibirimwa vyo gusubiriza ibindi. Impanuro ku bindi biterwa:

Ingingo ku bindi biterwa (>mm600 z’imvura) kuri hegitare Ibiterwa Ibigor Tournesol iPamba Amasaka iSoya Cornille Ivyema

Ubuhinga bwo gutera

Ibinogo bateramwo iMorongo

Ahaterwa Kg/ha 30 5 25 10 160 60 80 Gutandukanya Imirongo imanuka

Imirongo ikitse 75 60

75 60

75 60

75 10

75 5

75 10

Poko iye ni 37.5 8

Uburebure cm 5 2 2 2 1.5 2 3 Ibiterwa Imbuto/Ikinogo 3 3 5 1 1 1 1

Kubonesha Imbuto/Ikinogo 2 2 1-2 1 1 1 1 Ubwinshi Ibiterwa/ha 44 444 44 444 33 333 133 333 266 667 133 333 333 333

Umwimbu iToni / ha 5-7 2-2.5 2-2.5 2-2.5 1.5-2 1.5-2 1.5-2 Umwavu /

Umugina / Amase Igikombe (ml)

Imifuko 50kg / ha 350ml

156 350ml

156 350ml

156 350ml/m

94 350ml/m

94 350ml/m

94 350ml/m

188 Umwavu ukozwe Igikombe (ml)

Ibipimo kg/ha 12ml

293 8ml 196

8ml 196

8ml/m 117

5ml/m 8ml/m 147

Intabire yo kw’isi 1) Igikombe (ml) 2) Igikombe (ml) Ibipimo kg/ha

8ml 5ml 246

5ml

94

5ml

94

12ml

136

Umunyota Igikombe (ml) Ibipimo kg/ha

12ml 203

12ml/m 122

12ml/m 243

ishwagara Igikombe (ml) Ibipimo kg/ha

5ml 133

5ml/m 80

5ml/m 160

Page 45: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

42

Guhanahan Guanwa

Mufatanye natwe mu ndoto kubijanye n’Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana: Izo ndoto n’ukubona ingogo y’agacinyizo iva ku bitugu vy’abakene, ivyo bizofasha gutahura ko hari ico Imana yatanze. Uguterwa intege na Bibiliya ”Nd’iki ga Mwami?“, urashobora kuba uvyibaza. Uri umwana w’Imana isumba vyose. Yasu yaravuze “Nkora ivyo mbonye Data akora. Ndumva Data avuga nanje nkavuga.“ Dutegerezwa kwigana ivyo Yesu yakoze. Yazanwe no gukorera abandi, yarerekanye inzira ziwe ku bagorwa, abarwaye, abo imitima yamenetse, abatawe yarabiyegereje abashira mu masezerano y’ubuzima busagutse. Turafise akaryo kadasanzwe ko kubikora nkawe dukoresheje Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana tukanubahiriza ibwirizwa ryo muri Yesaya 58 aho batubwira ukwisonzesha nyakuri. Kubw’ivyo, dushobora no kuronka amahirwe yo gukorera umwami (Matayo 25 :35) tukibere mu mugisha wiwe dufasha abagorwa n’abafise ivyo bakenye (Zaburi 41 :1-3). Ubutumwa bwiza mu majambo no mu bikorwa bukwiye kuvugwa ku mugabane wose kugira umubumo w’ubukene usamburwe haveho ingogo y’ubukene. Abantu b’Imana bakwiye kwiga no kwigisha abandi kugira bashikane inkuru y’ivyizigiro ku batakaje ivyizigiro. Ivyo bitangurana nawe Nimba ukeneye kuba umurimyi yisunga Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana, aho rero ukeneye kwiga kimwe ku kindi izi nyigisho, ugatangura bukebuke witeze gukura mu bwizigirwa. Bandanya wiga ukoresheje ibikoresho ufise kandi uje no mw’inagurwa ry’ubwenge. Mu gihe wumva ukeneye kuzoba umwigisha azwi mubijanye n’Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana, ukeneye gufata ingingo yo gukurikirana ibisabwa vyose mu kwigishwa.

Page 46: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

43

Ibisabwa: • Kwitaba n’iburiburi inyigisho zinagura ubwenge 3 • Kurima no gutunganya ku giti canyu «Umurima uvomerewe neza»

mu kiringo kanaka • Gufata ingendo zo gufahsa abandi ku bikorwa • Mu gihe umwe mu bigisha babimenyereye b’Uburimyi bwinsunze

ingingo ngenderwako z’Imana abonye ko wamenyereye, uca uhabwa icemeza ko nawe ubaye umwigisha mu Burimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’imana.

Mwibuke yuko Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana Atari ishirahamwe ariko ni igikoresho cahawe umubiri wa Kristo. Ntitugerageza kubaha akazi kubw’Uburimyi bwisunze ingingo ngederwako z’Imana ariko tubaha ibikwiye kugira mushobore gukoresha Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana. Twipfuza gutanga ubumenyi mu bihumbi vy’abigisha kugira bashobore kujana ubwo butumwa bw’ivyizigiro mu mashengero yabo canke no mubindi nikorwa bajejwe nk’amashirahamwe. Gutegura "Umurima uvomereye neza" Imirima ivomereye neza n’ubuhinga budasanzwe bukoreshwa mu Burimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana. Utwo turima duto duto two kwerekanirako dupima m 6 kuri 6 dufasha kwigirako no kwerekanirako mu mihana y’abariko baravyiga. N’uburorero bwiza bwerekanwa hagati y’amasaha 2 na 3. Naho ari duto duto, ni tunini mu gutegura abarimyi mu kubereka ingene bashobora gushika ku buhinga bw’Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana ku masi yabo. Bifasha abagiye mu nyigisho kubona neza ubuhinga no kubukoresha bikwiye. Ni uburyo bwo kwerekana neza uko bikorwa kandi biranezera cane abitavye inyigisho. Inyigisho mu buryo bwiyaguye kubijanye no gushiraho imirima ivomewe neza zirashobora kuboneka kuri DVD y’Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana hamwe n’igifasha umwigisha.

Page 47: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

44

Impanuro kubijanye ningene vyokorwa • Kwiyemeza gukurikirana inyigisho hagati y’imyaka 5 na 6. • Kuronka umuntu w’amahoro • Gutanga ku buntu kuri bose atagucagura. • Ubwaguke bw’aho bashira umurima, hangana n’umurima

uvomereye neza. • Mu gihe uba mu kibano ukeneye gutangamwo inyigisho canke

hafi yaho ubaye, ukwiye guca ugabura inyigisho mu bice bito bito kugira ufashe abanyagihugu.

• Umenye ko watanze inyigisho mu gihe ciza c’umwaka. • Tunganya abarimyi mu migwi mito mito. • Ntugatange ubushimwe kugira utere intege abantu kandi

ntunatange imbuto canke umwavu w’ikizungu. • Kugenzura imirima n’uburyo bwiza bwo gutera intege

abanyagihugu. • Amasengesho. Gusozera Nk’uko Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana buriko buraguka henshi kw’isi, ntitwibagire ko icaduhagurukije ari ABAKENE. Bafise ikibanza gikomeye mu mutima w’Imana, dutegerezwa kuraba ko turiko dukora ibishoboka vyose kugira tubafashe. Twakire n’umutima wo kwubaha Imana ubu butumwa bwuzuyemwo umutima w’ikigongwe wa Kristo kubw’ivyo tubikorane urukundo kuri ba nyarucari kurusha abandi kugira bave musi y’ingogo y’ubukene.

Page 48: UBURIMYI BWISUNZE INGINGO NGENDERWAKO Z’IMANA...Afrika ni umugabane wo kw’isi ufise ubutunzi bwinshi. Ufise ubutare, amabuye y’agaciro, igitoro cinshi, abantu baho bameze neza,

45

Iyo vyakuwe

• Ku buhinga ngurukanabumenyi mu rurimi rw’icongereza: www.farming-gods-way.org

• Urukurikirane rwama DVD kubijanye n’uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana:Uru rukurikirane rushira ahabona urufatiro rwa Bibiliya kubijanye n’uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana, hamwe n’uburyo bwo kubikora no kubibungabunga. Hakoreshejwe uburyo butandukanye bwo kwigisha, uru rukurikirane rutwara amasaha 7, bigafasha uwitavye izo nyigisho gutahura bimwe bitangaje ingabire Imana yatanze ariyo iki cigwa c’Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana. N’uwuriko arigisha arakeneye ikimufasha mu kwigisha mu gihe ariko arerekana iyo DVD.

• Igitabo gikoreshwa n’umwigisha: Ico gikoresho ni ngirakamaro cane ku bantu bakeneye kwongereza ubumenyi kubijanye n’Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana. Categerezwa kuba mu biganza vy’umuntu wese akeneye kugira ubumenyi mu Burimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’imana.

• Igikoreshwa ku rubuga bijanye n’Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana: Iki gikoresho gifasha mu buryo budasanzwe inyigisho mu bigwati. Birashobora gukurwa ku buhinga ngurukana bumenyi bw’Uburimyi bwisunze ingingo ngenderwako z’Imana. Bigenda birasobanurwa uko bibonetse vyongerwako.

• Igitabo gikoreshwa n’uwuriko arafasha abitavye inyigisho:Harabazwa ibibazo bitandukanye kuvyigishijwe kugira habe guhanahana ivyiyumviro bikaryosha n’icigwa.

• Ibibazo rusangi: [email protected]